2023:Wikimania


Wikimania ni ihwaniro ngarukamwaka rihimbaza imigambi yose y'ubumenyi ishigikiwe na Wikimedia Foundation –
Wikimedia Commons,
MediaWiki,
Meta-Wiki,
Wikibooks,
Wikidata,
Wikinews,
Wikipedia,
Wikiquote,
Wikisource,
Wikispecies,
Wikiversity,
Wikivoyage,
Wiktionary – hamwe n'imisi y'amahwaniro, ibiganiro, amanama, imyimenyerezo n'inyigisho. Amajana y'abantu b'abakorerabushake n'indongozi muvy'ubumenyi budasaba ikiguzi bavuye kw'isi yose barahura kugira baganire ibibazo, ivyegeranyo kumigambi mishasha n'intumbero, bakongera bagahanahana ivyiyumviro.
Icivugo c'iyi ncuro ya cumi n'umunani kizoba ari ugufashanya hagati y'abakorerabushake, amakoraniro n'imirwi ya Wikimedia East, Southeast Asia and the Pacific (ESEAP).
Wikimania 2023 izoba kuva igenekerezo rya 16 gushika 19 Myandagaro mugihucu ca Singapore.
There are 28 weeks, 4 hours, 47 minutes and 3 seconds until Wikimania 2023. (refresh)
Icivugo c'uwu mwaka ni Ubutandukane. Ugufashanya. Kazoza.
- Ubutandukane. Wikimania azoba ari akaryo ko kwerekana ESEAP nk'akarorero k'urusangi: imirwi itandukanye y'abakorerabushake, abantu ku giti cabo, n'amahuriro, ku ngero zitandukanye z'iterambere, imico itandukanye ariko ishira hamwe mu nzira rusangi.
- Ugufashanya. Nk'uburyo bukwirakwizwa bwo gukura, Wikimania azoba ari inzira yo kwiga no gusangira ubumenyi bushasha nk'ibikoresho, ugutunganya ibikorwa / ibikorwa kumuhoro wa none, gukemura ibibazo bijanye na Wiki, n'ibindi vyinshi.
- Kazoza. Wikimania ifise kandi akamaro kubantu benshi ba Wikimedia kuko Wikimania 2023 nayo izoba ihuriro ryo kuganira ku shirwa mu ngiro n'ibikorwa vy’imigambi ya Wikimedia (#Wikimedia2030) no kuganira ku zindi ngingo zerekeza ivyiyumviro muri kazoza.
Next office hours
Office hours to ask questions about Scholarships(closes 5 Feb AoE) and other general Wikimania related topics:
- 16:00 UTC 2 February meeting link
- 23:00 UTC 3 February meeting link
Please add your questions to: 2023:Help desk
raba urupapuro rw'ivyiyumviro.